Hatowe $ 1 000 000 mu ndege muri Angola.

Image caption Angola ntiyemerera abantu kugendana amahera angana na $1 000 000

Umudereva w'indege yatoye ayo mafaranga yashikirije abategetsi ako gasaho.

Amategeko ya Angola ntimerera abantu kujabukana imbibe igitigiri kingana gutyo c'amafaranga.

Umuvugizi w'igipolisi Aristofanes dos Santos yavuze ko hamaze gutangura itohoza mu nzira yo kumenya inkomoko y'ayo mafaranga, yaciye afatirwa n' ubutegetsi.

Abihweza utuntu n'utundi bagvuga ko uwo wese azoza avuga ko ayo mafaranga ri rwiwe atazohabwa ayarenga 1.5% yayo.

Ikindi kandi ngo ashobora kwagirwa n'icaha co kwitwaza amafarang arenze igitigiri cemewe.