Ibitero mu mahoteri ya Mali

Image caption SEvare n'akarere gakundwa n'ingenzi

Abantu benshi b'abanyamahanga bakunda gusaba indaro muri imwe muri izo hoteri zibiri zatewe, aho benshsi aribo bari batumberewe n'ico gitero.

Umwe mu bahaba yabwiye BBC ko abo bitwaje ibirwanisho vyasa nk'aho bari baje batumbera ikigo c'igisirikare, n'ayo mahoteri.

Nta murwi n'umwe urivuga ko woba wagavye ico gitero, ariko ku mbuga nyinshi za internet muri Mali batunga agatoki imirwi y'intagondwa yegamiye idini rya islamu, akenshi ikorera mu buraruko bw'igihugu.

Sevare n'ahantu hakorerwa nk'ihwaniro ry'abadandaza hafi y'umuji wa Mopti, ukunze kugenderwa n'ingenzi.