C.A.R: Umusirikare w'Urwanda yarashe bagenziwe

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Umwe mu basirikare ba MISCA

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu Rwanda, bumenyesha ko uwo musirikare yakomerekeje abandi basikare umunani b'Urwanda nyene.

Uwo musirikare yaciye yirasa, ivyo bikaba vyabereye ku cicaro gikuru ca bataillon y'abasirikare b'Urwanda iri ku murwa mukuru Bangui.

Umuvugizi w'igisirikare c'Urwanda, Bd general Joseph Nzabamwita, yamenyesheje ko hagiye gutangura itohoza.

Amenyesha ko bakeka ko iterabwoba ari ryo riri inyuma y'ubwo bwicanyi, ariko ngo ntibokwirengagiza gukeka n'impamvu y'uburwayi bwo mumutwe.