Umunyapaletina yiciwe umwana nawe yapfuye

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Mu ndwi iheze Abanyapalestina biyamirije igitero cahitanye umwana

Sa'ad Dawabsheh yari asanzwe ariko avurwa ibikomere vy'uyo muriro, wasinzikaje igice kinini c'umubiri wiwe.

Umugore wiwe, Riham, n'umwana wabo w'inyaka ine, Ahmad, bo baracari mu bitaro kandi baracababaye cane.

Inzu y'uwo muryango yatewe mu ndwi iheze, mu kirwati ca Duma, kiri mu karere ka Cisjordanie.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, yacise igitero c'iterabwoba.

Umwe mu bategetsi b'Abanyapalestina avuga ko hari iyindi nzu y'aho Duma yaturiwe n'igisasu uno munsi, ariko ko ata bantu bakomeretse.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko hamaze kuba ibitero bitari munsi ya 120 muri ako karere ka Cisjordanie gacumbitsemwo Abayahudi muri uyu mwaka gusa.