Amahinduka muri Iraq mu kurwanya ruswa

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption harihamaze iminsi imyiyerekanoyo kwiyama ruswa muri Iraq

Bwana Abadi yasavye ko hakurwaho ikibanza c'icegera c'umukuru w'igihugu, n'ico icegera ciwe.

Yavuze kandi ko gutanga ibibanza vyo hejuru mu butegetsi bidakwiye gukwirikiza imigambwe canke imirwi y'amoko.

Ibi bwana Abadi yabitangaje mu gihe hari hamaze iminsi imyiyerekano yo kwiyamiriza ruswa no kudakora neza mu nzego za leta.

Ibiro vy'umushikiranganji vyemeje izi ngingo z'amahinduka, ariko zimwe muri zo zizobanza kwemezwa n'inama nshingamateka.