P C Mbonimpa agiye kuvurirwa mu Bubirigi

Image caption Pierre Claver Mbonimpa yarashwe ku munsi wa mbere 03/08/15

Uwo musaza w'imyaka 67, yarashwe ku munsi wa mbere, umunsi umwe gusa inyuma y'iyicwa rya general Adolphe Nshimirimana, yari kizigenza muri ba somambike ba perezida Pierre Nkurunziza.

Kubera yari asanzwe afise urubanza mu butungane, aho yari yahawe uruhusa kwo kuburana yidegenvya, uyu mugabo yabaye rurangiranwa kubera guharanira agateka ka zina muntu, ntiyashobora kurenga imbibe z'igihugu.

Pierre Claver Mbonimpa yarinze guhabwa uruhusa rudasanzwe n'umushikirizamanza mukuru mu gisagara ca Bujumbura.

Umuryango wiwe n'abandi bafatinije urugamba rwo guharanira agateka ka zina muntu bari batewe umwitwarariko n'amagara yiwe, ndetse n'umutekano wiwe.

Abaganga bamukwikiranira hafi aho yari amaze hafi indwi arwariye iBujumbura, bavuga ko amagara yiwe ateye umwitwarariko.

Pierre Claver Mbonimpa, ngo basanze yarashwe amasasu atari munsi y'abiri yamuciye mw'itama, rumwe rukaba rwarashikiriye umusaya.