Ubuyapani bwibutse igitero ca Nagasaki

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umwe mu barokotse igitero ca Nagasaki yasavye umushikiranganji wa mbere kudahindura ibwirizwa nshungiro

Umusaza yarokotse ico gitero, kumwe n'umukuru w'umuji wa Nagasaki, baneguye umugambi wa leta wo gushaka gusubiramwo ibwirizwa nshingiro rishira imbere amahoro.

Ayo majambo yakirijwe amashi menshi n'abari ngaho.

Umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe, ari nawe ahimiriza ko iryo bwirizwa nshingiro rihindurwa, yari yicaye ngaho.

Abantu baharurwa mu 70 000 barishwe baturiwe n'imishwarara y'ico kirwanisho ruhonyanganda.

Umuji wa Nakasaki warekuriwemwo ico gisasu, inyuma y'iminsi itatu gusa ikindi nk'ico gitewe mu muji wa Hiroshima.

Inyuma y'iminsi itandatu, Ubuyapani bwaciye butangaza ku mugaragaro ko buhagaritse ingwano, bituma ntambara ya kabiri y'isi yose irangira.