Burundi: 3 bishwe n'ibitero bya gerenade

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Imvururu n'imyivumbagatanyo bimaze iminsi myinshi mu Burundi kuva perezida Pierre Nkurunziza yatangaza ko aziyamamaza ku nshuro ya gatatu

Abantu batatu baraye bishwe, abandi babiri barakomereka cane mu bitero vy'ama gerenade n’amasasu vyabereye mu bice bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura mu ijoro ryakeye.

Babiri baguye mu gace ka Kamenge, Komine itigeze irangwamwo umutekano muke kuva mu mpera z’ukwezi kwa Kane hatanguye intureka ijanye n'imyiyerekano y'abatemera ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu, Pierre Nkurunziza.

Mu gipolisi c’ U Burundi bavuga ko bataramenya abari inyuma y’ivyo bitero ariko ko amatohoza amaze gutangura.

Babiri muri abo bantu baraye baguye mu ntureka ya nijoro ni umugabo n’umugore wiwe. Igipolisi kivuga ko igitero cabahitanye cabaye hafi y’isaha zibiri zijoro mu Kamenge.

Bwana Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’igipolisi mu Burundi, avuga kandi ko barashwe n’umuntu afise impoho yo mu bwoko bwa kalashinikov. Uwo mugabo n’umuogore wiwe baciye bacikana ubwo nyene. Uwo bari kumwe nawe arakomereka cane.

Ahandi haguye umuntu ni muri Komine Kinindo mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Ariko aho ho igipolisi kivuga ko ryabaye isanganya ry’imodoka.

N’ubwo ababibonye bemeza ko yatewe ama gerenede abiri.

Uretse ivyo, mu ijoro ryacyeye nyene harumvikanye n’urwamo rwinshi rw’impoho n’ amagerenade mu Buraruko bw’igisagra. Bwana Nkurikiye, ameyesha ko ibarabara rigabura ama komine ya Cibitoke na Kamenge hatewe ama gerenade umunani, atandatu muri yo araturika, ayandi abiri akaba yatowe ataturitse.

Ivyo vyatumye igipolisi kizinduka kirasaka ibirwanisho muri iyo komine ya Cibitoke.

Mu bice vyo mu gisagara hagati naho nyene kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo (Ugushyingo), hafi y’ikigo ca Kaminuza y’ U Burundi, mu gihe co ku mutaga haratewe ama gerenade abiri ariko ngo ntaco yononnye.

Haraheze iminsi mu gisagara ca Bujumbura ata joro ryijana hatumvikanye urwamo rw’ibirwanisho.