Igisasu cahitanye abantu Bangkok

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bangkok ahaturikiye ibisasu

Umunyamakuru wa BBC ari Bangkok avuga ko abantu batari munsi ya 19 bapfuye, n'abandi 120 bakomeretse.

Ivyaturitse vyatumye abantu biruka barahunga, bituma amasanganzira yo hafi yaho azibirana, abaje gutabara babura aho baca.

Ico kibanza gishengererwa n'abo mw'idini ry'aba Hindu, kiri hafi y'ihoteri ikomeye cane.

Gisanzwe kigenderwa kandi n'abo mw'idini rya Buddha buri munsi n'izindi ngenzi.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko ibitero nka ben' ibi bitamanyerewe muri Bangkok.