Abubakar Shekau aracayobora Boko Haram?

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abubakar Shekau

Muri iyo kaseti Abubakar Shekau yemeza ko ariwe akiyobora umurwi Boko Haram.

Umuvugizi w'igisirikare ca Nigeria yavuze ko kuba Shekau ariho canke atakiriho ataco bitwaye.

Kuri we ngo igikuru n'uko babwirizwa gukuraho uwo murwi mu kiringo c'amezi atatu nk'uko babisabwe n'umukuru w'igihugu, Muhammadu Buhari.

Mu ndwi iheze, perezida wa Chad, Idriss Deby, yari yavuze ko Boko Haram yatoye uwundi mukuru mushasha, ari naho haturutse kwibaza ko Shekau yoba yarapfuye.