Ibiganiro vya Sudani y'epfo vyitezwe kurangira

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Salva Kiir na Riek Machar

Hamwe batoshika ku mwumvikano, izo mpande zompi, n'ukuvuga leta ya Salva Kiir n'umurwi wa Riek Machar bahanganye, zishobora guhabwa ibihano n'amakungu.

Impande zompi zisaba kwongerwa umwanya kugirango zisbobore gukemura ibibazo nyamukuru, harimwo gusangira ubutegetsi muri leta nfatakibanza.

Abajejwe kubahuza mu biganiro bo mu karere, harimwo perezida wa Kenya, uwa Uganda, n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiiopia, bari mu bitavye ivyo biganiro bibera Addis Abeba muri Ethiopia.

Ibindi biganiro vyabanjirije ibi vya Addis Abeba mu ntumbero yo kurangiza amatati yo muri Sudani y'epfo amaze hafi myaka ibiri, vyarananiwe.