Har'amasanamu y'ukekwa mu gitero ca Bangkok

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwukekwa ko ariwe yashize igisasu aho caturikiye

Uwukekwa yari yambaye umupira w'umuhondo mu bitugu, aboneka yicaye afise n'isakoshi yirabura, mu nyuma akaboneka ahavuye atayo afise.

Umushikiranganji wa mbere Prayuth Chan-ocha, yavuze ko ico gitero ari icago ca mbere kibi gishikiye ico gihugu.

Igipolisi kivuga ko icenda mu bapfuye ari abaturuka ahandi muri Aziya, Ubushinwa bukaba bwateye ivyatsi ico gitero.

Mu kindi gitero cabaye kuri uno wa kabiri, hari ikintu giturika catewe mu kibanza kigenderamwo ingenzi nyinshi.