Afrika y'epfo irerwa kutitaho abagendana ubumuga

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abana bagera ku 500 000 ngo ntibaronka ibibanza ku gihe mw'ishure muri Afrika y'epfo

Iryo shirahamwe rivuga ko bamwe mur'abo bana bama barindira imyaka igera kuri ine barondera ikibanza mw'ishure.

Elin Martinez yakoze ico cegeranyo, avuga ko HRW yasanze amashure akenshi yanka kwakira abo bana bafise ubuga.

Ahanini ngo bituruka ku gutinya ko amashure adafise ivya ngombw avyo kwitaho bene abo bana, ahanadi abagisha ubwabo bagatinya ko badafise ubumenyi bukwiye bwo kwitaho abo bana.

Nayo abakiriwe ngo usanga bafatwa nabi , bahohoterwa canke batabwako urwangara.

Ubushikiranganji bujejwe indero muri Afrika y'epfo yimye agaciro ico cegeranyo ca Human Rights watch, ivuga ko cirengagije inguvu zushirwa mu kwitaho ikibazo c'abana bagendana ubumuga.