Musenyeri Desmond Tutu yasubiye mu bitaro

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Musenyeri Desmond Tutu

Umukobwa wiwe Mpho Tutu, yavuze ko ariko aravurwa ububabare, mugabo ko atari ingwara yari yamujanye mu bitaro ubushize.

Avuga ko abaganga babizeza ko ashobora kurekurwa agataha mu kiringo c'umunsi umwe.

Uyu mutama w'inyaka 83, yarwanije intwaro y'amacakubiri ya Apatheid muri Afrika y'epfo, yari amaze gushirwa mu bitaro incuro zibiri muri aya mezi atatu aheze.

Ahanini ahanganye n'ingaruka z'imiti amaze imyaka 18 afata kubera ingfwara ya cancer yo muri prostate.