Muri Amerika hemejwe viagra y'abagore

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Addyi n'umuti wagaragaje ibimenyetso vyo gufasha abafise ikibazo co gushaka imibonano

Addyi n'umuti wifashishwa ku bagore bafise ikibazo co gushaka imibonano mpuzabitsina.

Ariko uwo muti uzogurishwa kw'izina rya Addyi, uzoherekezwa n'impanuro zikomeye zigabisha abawukoresha ku ngaruka zawo, na cane cane iyo ukoreshejwe n'abanyoye inzoga.

Umwe mu mirwi y'abaguzi bawushimye, uvuga ko ari ikimenyetso c'uko ikibazo c'imibonano mpuzabitsina ku bagore naco citaweho, nka kimwe mu bibazo vy'amagara y'abantu.

Ariko hari abandi bavuze ko uwo muti Addyi, uzotera ibibazo vyinshi ku bagore gusumba ico uzobafasha.

Uwo muti ufatwa buri munsi, bawutaziriye viagra y'abagore n'ubwo wowo ukorana n'ubwonko, bitandukanye na viagra y'abagabo, yoyo ikorana n'amaraso.