Abakekwa mu gitero ca Bangkok bishikanye

Image caption Ikibanza catewe mu murwa mukuru Bangkok

Abo bagabo babonetse ku masanamu, bemeza ko bari abajejwe kuyobora abagendera ico kibanza, gisanzwe gishenegerwa n'abantu benshi.

Abategetsi ba Thailand n'ubu bracagerageza kurondera aboba baragavye ico gitero c'igisasu.

Bavuga ko bishoboka ko umurwi ukorera mu bihugu vyinshi woba uri inyuma y'ico gitero.

Ariko ntibiramenyekana neza, uko ibi bishobora guhura n'irindi tangazo ryavuga ko uwukekwa muri kino gitero ashobora kuba ari umunyamahanga, akorera umurwi wagutse.