Amasezerano yo gucunga icambu ca Calais

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Abashikiranganji b'ibihugu vyombi bahuriye mu muji urimwo icambu ca Calais aho abimukira bamaze iminsi bagerageza kwinjira mu Bwongereza.

Abo bimukira bihisha mu makamyo aca mu nzira ya gari ya moshi ica munsi y'ikiyaga.

Ayo masezerano ateganya gushiraho urwego ruzoba rushinzwe kurwanya imitwe y'abazana abimukira ikorera mu majaruguru y'Ubufaransa.

Ubufaransa kandi bugiye kurushaho gukora amarondo.

Ugereranyije ngo hari abimukira ibihumbi bine barimwo kugerageza kwinjira mu Bwongereza baciye iCalais.