Koreya zompi zasubiranyemwo

Uwufise ububasha kw’isanamu

Ico gisasu nta muntu cahitanye ariko mu nyuma Koreya y'epfo yishuye mu kumijira ibisasu vyinshi muri Koreya ya ruguru.

Leta ya Pyongyang yashavujwe n'uko ubutegetsi bwa Seoul bwafashe ingingo yo gutanga ubutumwa butyoza intwaro ya gi "communista" muri Koreya ya ruguru hifashsishijwe indangururamajwi.

Inyuma yo guterana ibisasu, Leta ya Koreya ya ruguru yavuze ko yatanze amasaha 48 kugira Koreya y'epfo ihagarike gusakaza ayo majambo , bitabaye uko, ngo irafata ingingo za gisirikare.

Icuka kibi hagati y'ivyo bihugu vyompi rimwe na rimwe hari aho kivamwo gukozanyako mu kiringo.