Burundi : Perezida Nkurunziza yarahiye

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Perezida Petero Nkurunziza

Perezida Petero Nkurunziza yarahiye ku mugaragaro kongera kuyobora u Burundi mu yindi myaka 5.

Umuhango wabereye imbere y'abagize inteko nshinga amategeko n'inteko nkenguza amateka.

Mu ijambo yavuze, Nkurunziza yiyemeje gutsinda abakora ubwicanyi mu Burundi mu kiringo cy'amezi 2.

Yavuze kandi ko agiye gushinga leta yaguye, ngo bikenewe n'ingingo yerekeye abafite ububasha bwo kujya muri leta izavugururwa kugirango ibyo bishoboke.

Amatora y'umukuru w'igihugu cy' u Burundi yabaye tariki 21 z'ukwezi gushize kwa karindwi.