Ubugereki:Alexis Tsipras yatanze imihoho

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Alexis Tsipras

Mw'ijambo yashikirije kuri television, bwana Tsipras yavuze ko leta yiwe yarwanye urugamba rukomeye mu kugobotora iyindi ngurane nsha ku bafasha Ubugereki.

Ubu rero ngo n'igihe kuri ico gihugu, co kugira ico kivuze kuri ayo masezerano.

Bwana Tsipras yakomeje kunegurwa n'abo mu mugambwe wiwe Syriza, inyuma y'aho yemereye ingingo zo gutubika umukanda, ibihugu vyifuza guha ingurane Ubugereki, vyifuza ko zishirwa mu ngiro.

Ibinyamakuru bisubiramwo amajambo y'abategetsi b'Ubugereki, yemeza ko ayo matora ateganijwe mu kiringo c'ukwezi kumwe.