Burundi: Lt Gen Adolphe yashyinguwe

Lt Gen Adolphe Nshimirimana yashyinguwe
Image caption Lt Gen Adolphe Nshimirimana yashyinguwe

Umukuru w'uburundi Pierre Nkurunziza nti yagaragaye mu mihango yo gusezera Lieutenant General Adolphe Nshimirimana.

Radio ya leta yavuze ko yagiye kumusezera mu buruhukiro bw'ibitaro.

Ariko ntiyagiye mu misa yabereye kuri Cathedrale Regina mundi ya Kiliziya Gatolika I bujumbura.

Imisa yasomwe n"icegera ca Musenyeri mukuru Anatole Rugerinyange.

Hari ivyegera vy"umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo na Joseph Butore hamwe n'abakuru b'inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Amaziko ya general Adolphe Nshimirimana yabereye muri commune Kamenge hafi y'ubunywero bwiwe bwitwa Iwabo w'Abantu.

Naho nyene Perezida Pierre Nkurunziza siho yari ari kandi nta nsiguro yatanzwe.

General Adolphe Nshimirimana yishwe itariki 2 uku kwezi imodoka yari arimo irashwe igisasu ca roketi muri commune Kamenge nyene.

Yakora mu biro vy"umukuru w'igihugu kuva mu kwezi kwa 11 inyuma y'imyaka hafi 10 yari amaze atwara ibiro vy'iperereza.

Co kimwe na prezida Pierre Nkurunziza, Adolphe Nshimirimana yinjiye mu nzego z'igihugu avuye mu muhari CNDD FDD wahora ugwanya leta inyuma y'amasezerano yo guhagarika intambara mu 2003.

Abagendanye nawe n'abanyakamenge aho yakunda kugendera cane, bavuga ko yari intwari n'umuhizi yaranguye ivyiza vyinshi.

Aho mu Kamenge uretse ubunywero yari yarahubatse ibitaro. Ariko amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko igihe yatwaye iperereza caranzwe n'ubwicanyi n'ayandi mabi atandukanye