Burundi: Koloneli Bikomagu yashyinguwe

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Koloneli Jean Bikomagu yiciwe imbere y'iwe avuye mu misa.

Mu Burundi uyu munsi ni ho hashingurwa Colonel Jean Bikomagu yahoze ari umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare.

Uwo musirikare ubu yari mu karuhuko k’izabukuru yagandaguwe itariki 15 uku kwezi kw’umunani. Gushika ubu abamwishe ntibaramenyekana n’ubwo umukuru w’igihugu yari yatanze indwi imwe ku nzego zijejwe umutekano kugira zibe zabafashe.

Colonel Bikomagu yagandaguwe haheze indwi zibiri hishwe uwundi musirikare akomeye, General Adopphe Nshimirimana.

Urubanza rwo gushingura Colonel Jean Bikomagu rwatanguriwe n’imisa yabereye kuri catedrale ya Katolika ya Regina Mundi mu Gisagara ca Bujumbura.

Isengero ya Katedarali yari yuzuye abaje guherekeza Colonel Bikomagu bari bagizwe ahanni n’umuryango n’incuti n’abo mu gisirikare yakoreye imyaka irenga 20. Leta y’u Burundi yari yaserukiwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo.

Umupadiri yasomye imisa Patiri Emmanuel Mugiraneza, yasavye Imana gufasha u Burundi kugira agafuni gahamba karuhuke mu gihe muri aya mezi atatu aheze bivugwa ko hamaze kwicwa abantu barenga ijana, mbere no mw’ijoro ryakaye hakaba haraye hagandaguwe uwahora ari musitanteri wa Komini Isare mu ntara ya Bujumbura.

Inyuma y’imisa yasomewe Colonel Jean Bikomagu, baciye baja kumushingura mw’itongo ry’abapfuye ku Mpanda.

Uwaserukiye igisirikare c’igihugu General Germain Niyonyankana nawe yabaye umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare imbere yo kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi yavuze ko Colonel Jean Bikomaguru yari umusirikare w’intwari gushika aho bamwitirira urwo rwego.

Colonel Jean Bikomagu apfuye afise imyaka 66 y’amavuko akaba asize umugore n’abana batanu.

Ku wa Gatandatu naho hashingurwa iyindi ntwazangabo yagandaguwe indwi zibiri imbere ya Colonel Bikomaguru. Lieutenant General Adolphe Nshimirimana yashinguwe muri Komini Kamenge mu gisagara ca Bujumbura mu birori vy’urwego rw’ighugu vyakurikiwe kuri radio y’igihugu kuva mu ntango gushika birangire mu mutekano wari ucungererewe cane watumye mbere hari amabarabara yugarwa.

Umuryango wa Koloneli Bikomagu ntiwifuje ko hatafatwa amafoto akwirakwizwa ajyanye n'uyu muhango wo kumushyingura.