Perezida Nkurunziza yatangaje imigambi ya Leta nshya

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Pierre Nkurunziza yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu mu kwezi kwa karindwi

Bwana Nkurunziza yavuze ko umugambi uza imbere y’iyindi uzoguma ari uwo gukomeza amahoro n’umutekano.

Perezida Pierre Nkurunziza yasubiye kwemerera Abarundi ko imigwi imaze iminsi itera umutekano muke mbere ikica, izoba yatujijwe mu mezi atarenze abiri.

Ivyo akaba yari yanabivuze umunsi yarahiriraga amabanga y’ikiringo ca gatatu, haraheze iminsi itandatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Icyemezo cya Bwana Nkurunziza cyo kwiyamamaza cyateje imvururu mu Burundi

Yanamenyesheje ko hazobandanya umugambi wo kwaka ibigwanisho ababitunze batabifitiye uruhusha.

Gishasha mu mugambi wo gukomeza amahoro n’umutekano, Bwana Nkurunziza yamenyesheje ko guhera ubu urwaruka rugiye guhabwa inyigisho n’ubuhinga fatiro vyo ‘gukunda’ igihugu, mu gifaransa yavyise “service civique obligatoire” cane cane ku banyeshure bo muri za kaminuza.

Muri kahise bene izo nyigisho zatumaga abazitaba bamara umwaka mu gisirikar. Ariko perezida Nkurunziza ntiyavuze niba ariko bizogenda.

Mu bikorwa vy’iterambere, Perezida Nkurunziza yagarutse ku migambi yo kwubaka ingomero z’umuyagankuba ku nzuzi. Jiji, Kaburantwa, Mpanda na Murembwe zavuzwe kuva agishika ku butegetsi mu 2005 co kimwe n’ikibuga c’indege c’I Bugendana mu Ntara ya Gitega.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imyigaragambyo yadutse mu mujyi Bujumbura yaguyemo abasaga 70

Ubu yongeyeko ibarabara ry’indarayi (gari ya moshi) rizova i Gitega rigana I Musongati harangwa ubutare bwa Nikel rikabandanya I Makamba mu bumanuko bw’igihugu kugera I Kigoma muri Tanzaniya.

Mu gihe myinshi muri iyo migamnbi ishobora gukenera intererano y’amakungu, Perezida Nkurunziza muri iryo jambo nta kinini yavuze kuri politike y’imigenderanire mu gihe bamwe mu bafasha u Burundi bavuze ko bashobora guhagarika imigambi y’imfashanyo kubera ko batashimye ingene amatora yagenze.

Mw’ijambo ry’iminota 13 perezida Nkuruniza yavuze mu buryo buziguye, bicye ku migenderanire n’amakungu. Yagize ati:

“Tuzokubahiriza amasezerano mpuzamakungu u Burundi bwateyeho igikumu dukomeze umwumvikano ubucuti imibano myiza n’imigambi yo gufashanya n’amakungu na cane cane ibihugu duhana imbibe canke dusangiye akarere turimo.”

Uwufise ububasha kw’isanamu s
Image caption Perezida Nkurunziza yavuze ko kwiyamamaza ku nshuro ya gatatu biri mu burenganzira bwe

Ariko n’ubwo ata mfashanyo zo hanze adomako urutoke, bwana Nkurunziza yagarutse kuri iyi ngingo mu ijambo rye.

Yagize ati: “Ntiduhahamire amaronko y’umurengera yuzuyemo imitego yo kuryanisha Abarundi. Tuzobumbwa n’ibidukwiye kandi by’iteka. Tuzonezerwa turonse bicye byiza bituma Abarundi tuguma dufatanye mu nda nk’abavukanyi dusangira akabisi n’agahiye.”

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abigaragambya batwitse amamodoka menshi

Hagati aho, mu nkuru ishobora kunezera abakozi ba Leta, perezida Pierre Nkurunziza yamenyesheje kuva mu mwaka uza ko hazoshirwa mu ngiro umugambi wo kugabanya ubusumbane bw’imishashara, ikibazo cari kimaze gutuma haba ihagarikwa ry’akazi akatari gake.

Ivyo ngo bizotwara leta miliyaridi 80 ku kiringo c’imyaka ine.