Umutekano uracateje ikibazo i Bujumbura

Ibirwanisho vyafatiwe kw'i Jabe mu gisagara ca Bujumbura
Image caption Ibirwanisho vyafatiwe kw'i Jabe mu gisagara ca Bujumbura

Mu Burundi abantu 3 bishwe barashwe, abandi batatu barakomereka mu bitero vy'abantu bitwaje ibirwanisho vyabaye mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura muri iri joro ryakeye.

Babiri muri abo bagabo baraye bishwe baba muri komine Musaga kw'ibarabara rya mbere.

Umwe muri bo yari umunyeshure wo muri kaminuza y'uburundi, uwundi nawe yari umukozi wo mu nzu.

Ababibonye bavuga ko ico gitero cabaye nk'igihe c'isaha zibiri n'igice z'ijoro hakiri uruja n'uruza rw'abantu mw'ibarabara.

Ngo bagiye babona abantu bitwaje ibirwanisho bambaye impuzu za gisirikare batangura kurasa, batera na grenade.

Uwo munyeshure ngo yaciye acikana ububwo nyene, uwo mukozi wo munzu nawe acikanira kwa muganganga.

Umuntu agira gatatu yatowe ari ikiziga mu mwonga wa Muha, uwo nawe ngo yaba muri komine Kanyosha.

Mu gipolisi c'u Burundi bavuga ko amatohoza amaze gutangura ari naco gituma bazindutse barasaka mu ma karitiye atandukanye y' igisagra ca Bujumnbura.

Pierre Nkurikiye, icegera c'umuvugizi w'igipolisi amenyesha ko muri ico gikorwa hafashwe abantu batandatu muri bo harimwo Umunyarwanda n'uwundi aturuka mu gihugu ca repubika iharanira demokrasi ya Kongo batagira ibibaranga.

Hafashwe uwufise ibirwanisho

Nayo mu gikorwa co muri karitiye Jabe iri muri komine Bwiza, Pierre Nkurikiye avuga ko bazindukiye aho kw'i Jabe ngo kubera ko ku mugoroba wo kuri uyu wa Mungu igipolisi cahafatiye umunyagihugu yarafise ibirwanisho bitari bike.

Muri vyo ngo harimwo inkoho zo mu bwoko bwa khalashinilov 3, n'amasase arenga 1700 n'imyambaro ya gisirikare.

Uwo munyagihu ngo yiyemereye ko yariko aregeranya ivyo birwanisho ngo kugira abitware mu gihugu kibanye kimwe c'uburundi, kugira ngo baze gutera mu burundi.

Uwo munyagihugu ngo yanavuze ko bari barindiriye kuronka impapuro z'inzira (Passport) kugire bajabuke.

Ibi bishitse mu gihe hari haheze indwi zibiri mu gisagra ca Bujumbura ata rwamo rw'inkoho n'ibituka vyumvikanye.