Uburaya ngo bukora ibishoboka ku bimukira

Ubwinshi bw'abimukira bashikira i Calais bubereye ikibazo abajejwe intwaro Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubwinshi bw'abimukira bashikira i Calais bubereye ikibazo abajejwe intwaro

Umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa, Manuel Valls, yashimangiye ko Uburaya bukoresha ubuhinga bwose ngo ibibazo bitewe n'ubwinshi bw'abimukira bikemuke.

Aho yagendera ikigo cakira impunzi ku kivuko ca Calais, yavuze ko bikenewe ko hagaragara ugushaka kwo kwakira impunzi, ariko kandi hagashirwa ingoga mu guhangana n'abajabukana abantu.

Abarongozi ba Buraya bazohura n'abarongoye ishirahamwe ry'uwo mugabane muri ino ndwi, bagendere ibihugu bifise ikibazo gikomeye c'ubwinshi bw'abimukira bariko baraza.

Bariko baragerageza gutorera umuti iki kibazo, mu gihe batungwa urutoke bagirizwa gukwega ibirenge.