Muezzin mu Misiri yateje impari kubera Facebook

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Muezzin mu Misiri yahagaritswe kubera guhindura amajambo akoreshwa mu guhamagarira abantu isengesho ryo mu gitondo

Uwuhamagarira aba Islam amasengesho yo mu gitondo, uwo bita muezzin, yagize ibibazo kubera guhindura amajambo asanzwe akoreshwa mu guhamagara.

Umushikiranganji ajejwe ivy'idini muri ico gihugu yitwariye muri sentare Mahmoud al-Moghazi, umwigisha mukuru w'idini mu muji wa Kafr al-Dawar uri mu ntara ya Nile Delta.

Hako yohamagaye agira ati "gusenga bisumba kuryama" nk'uko bisanzwe bikorwa muri Islam mu guhamagarira abantu isengesho ryo mu gitondo, uwo mwigisha yagize ati "gusenga biruta kumarira umwanya kuri Facebook."

Abasengera ku musigiti wa Sayed Ghazi, baciye bamwitwarira, aca aba arahagaritswe mu gihe haba amatohoza.

Mu kiganiro caciye kuri television ejo kuwa Mungu, umwe mu basenga yaje mu kiganiro yagiriza bwana Moghazi kuba ari umuhakanyi.

Yagize ati "turamaze kubona ibintu vyinshi yihimbira iyo ariko arasengesha mu musigiti".

Ariko mu gusubiza, uwo mwigisha yagirije uwo mugabo kuba adasengera ku musigiti wa Sayed Ghazi, ngo kandi akaba ari umuntu ashima umugwi wabujijwe, Muslim Brotherhood.

Muri ico kiganiro, bwana Moghazi yanagabishije ko azokwisonzesha mu kwiyamiriza ihagarikwa ryiwe, anasaba umukuru w'igihugu Abdul Fattah al-Sisi kumurenganura.

Uwo mwigisha avuga ko atarigera akoresha Facebook.