Tanzania yafashe abakekwa gutera abapolisi

Ibiro vy'igipolisi muri Tanzania bimaze igihe biterwa n'abantu bitwaje ibirwanisho
Image caption Ibiro vy'igipolisi muri Tanzania bimaze igihe biterwa n'abantu bitwaje ibirwanisho

Igipolisi muri Tanzania kivuga ko cafashe abantu 38 nyuma y'igihe haba ibitero ku biro vy'igipolisi hirya no hino mu gihugu.

Ngo hafashwe kandi ibirwanisho, amasasu hamwe n'ibikoresho vyo guhingura ibisasu.

Igihe abo bafashwe bazorenguka imbere ya sentare ntikiramenyekana.

Ibitero vy'abarwanyi muri Tanzania vyariyongereye muri ino myaka.