Ibura ry'ibifungurwa muri Somalia rirakomeye

Ibura ry'ivyo kurya muri Somalia ryabaye haciye imyaka ine, ryahitanye abantu bashika ica kane c'umuriyoni Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ibura ry'ivyo kurya muri Somalia ryabaye haciye imyaka ine, ryahitanye abantu bashika ica kane c'umuriyoni

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, rivuga ko ikibazo co gufungura nabi hamwe n'ibura ry'ibifungurwa muri Somalia gikomeye cane.

ONU ivuga ko igitigiri c'abantu bafise ikibazo co kubura ibifungurwa ciyongereye gushika ku mirongo ibiri kw'ijana mu mezi atandatu aheze.

Ngo kandi ibintu bishobora kwunyuka bitewe n'uko imvura ari nkeyi hamwe n'intambara igikomeza.

Hafi y'ica gatatu c'abanyagihugu ba Somalia batunzwe n'imfashanyo y'ivyo kurya.

Ica kane c'umuriyoni w'abantu bahitanywe na kigoye igihe vyaba nabi cane haciye imyaka ine.