Papa ashaka kubabarira abakuyemwo inda

Papa Francis avuga ko abagore bakorora inda baca mu mubabaro urengeje Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Papa Francis avuga ko abagore bakorora inda baca mu mubabaro urengeje

Umwungere wa ekleziya Gatolika, Papa Francis, agiye guha uburenganzira abapatiri bwo kubabarira abagore bakuyemwo inda mu mahinduka y'akataraboneka.

Ibi bizogirwa mu mwaka uri imbere wiswe mweranda canke isabukuru y'ikigongwe, utegerezwa gutangura mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Ibiro vya Papa, Vaticano, vyasohoye ikete aho Papa Francis avuga ku bibazo hamwe n'umubabaro bigirwa n'abagore bakoroye inda.

Mu nyigisho za Gatolika, gukorora inda canke gufasha umugore kuyikorora biviramwo umuntu kwirukanwa mw'ishengero.