Al Shabaab yasubiye gutera ingabo za AU

Abarwanyi ba Al-Shabab mw'ikarashishi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Al-Shabab ivuga ko yishe abasirikare benshi b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika

Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Al-Shabab, uvuga ko wagavye igitero ku kigo c'abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika muri Somalia wica benshi.

Al-Shabab ivuga ko umwe mu barwanyi bayo yagomoreye umuduga utezemwo igisasu ku kigo ca Janale, mu bumanuko bw'umuji wa Mogadishu.

Ngo abandi barwanyi bitwaje inkoho baciye binjira muri ico kigo batangura kurasa.

Ababibonye bavuga ko babonye ingabo z'ishirahamwe nyafrica ziva muri ico kigo, ariko iryo shirahamwe ryabihakanye rivuga ko abasirikare baryo aribo bakigenzura ico kigo.

Ako karere kamaze kuberamwo ubwicanyi bwinshi kuva aho abasirikare b'ishirahamwe rya Afrika bagabiye ibitero bishasha kuri Al-Shabab.