Igipolisi catabaye abimukira 24 muri Autriche

Ikamyo yatowemwo abimukira 72 bacikanye mu ndwi heze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ikamyo yatowemwo abimukira 72 bacikanye mu ndwi heze

Igipolisi mu gihugu ca Autriche catabaye abimukira 24 bari bugaranije mw'ikamyo, ata mpwemu baronka bari mu gucikana.

Umuvugizi yavuze ko abo bimukira b'abanye Afghanistan, ata kanya kanini bari basigaje kumara bakiri bazima.

Ngo amadirisha yari azibiye, imyango nayo isudiriye, umwango w'inyuma nawo wugaye n'igufuri.

Umushoferi w'iyo kamyo yamuka muri Romania yaciye afatwa.

Mu ndwi iheze igipolisi ca Autriche casanze abantu mirongo indwi na babiri bapfiriye mw'ikamyo yari ivuye muri Hungaria, mw'ibarabara ryakoreshejwe n'abimukira amajana indwi muri ino ndwi yonyene.

Abajejwe intwaro muri Hungaria bugaye igituro gikuru ca gari ya moshi ku murwa mukuru Budapest, aho abimukira benshi bagerageje gufatira urugendo.