Hasubiye kwumvikana inkoho i Bujumbura

Image caption Icegera c'umuvugizi w'igipolisi, Pierre Nkurikiye, avuga ko abarasa mw'ijoro ari inkozi z'ikibi

Icegera c'umuvugizi w'igipolisi c'u Burundi, Pierre Nkurikiye, avuga ko inkozi z'ikibi zagerageje guhungabanya umutekano mu ma komine amwe y'igisagara ca Bujumbura.

Ngo vyabaye mu makomine ya Jabe, Nyakabiga, Musaga, Buterere na Kinama.

Avuga ko barwanijwe n'abajejwe umutekno hapfa umwe muri izo nkozi z'ikibi, afatanwa n'inkoho yari afise yo mu bwoko bwa Kalashinikov, uwundi nawe arakomereka.

Pierre Nkurikiye avuga ko abafashwe bose ari 15, ubu bariko barumvirizwa ku mvo z'amatohoza.

Ku musaga uyu munsi mu gitondo hakomeretse abapolisi 5 mu bitero vy'amagrenades, abandi bane bakomerakera kw'i Jabe na Nyakabiga.

Hari haciye indwi zibiri...

Mw'ijoro ryakeye mu gisagara ca Bujumbura, hasubiye kwumvikana inkoho nyinshi nyuma y'indwi zirenga zibiri ata gakoma.

Izo nkoho zumvikanye cane cane mu ma karitiye yabereyemwo ibikorwa vyo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkunuziza.

Aha ni mu gihe igipolisi kimaze igihe kitari gito kiza kirakora ibikorwa vyo gusaka ibirwanisho muri ayo makaritiye, ariko bikagaragara ko bikihagwiriye.