Amasase i Bujumbura ijoro rigira kabiri

Umutekano wasubiye guhungabana mu bice bimwe vya Bujumbura ijoro rigira kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umutekano wasubiye guhungabana mu bice bimwe vya Bujumbura ijoro rigira kabiri

Haraye hasubiye kwumvikana amasase mu muji wa Bujumbura mu Burundi, akaba abaye amajoro abiri yikurikiranya.

Mw'ijoro ryakeye kurasa vyimukiye mu makaritiye yo mu bururuko bw'igisagara ya Cibitoke, Mutakura na Ngagara, hamwe hamwe hakaba hakizibiwe n'abajejwe umutekano.

Ivyoba vyahononekariye ntibiramenyekana, igipolisi kandi ntikiratangaza niba hari aboba bafashwe canke abaraye bararasa abo aribo.

Abashikiranganji bajejwe umutekano, intwaro yo hagati hamwe n'ubutungane vyitezwe ko baha ikiganiro abamenyeshamakuru, bikibazwa ko bashobora kuvuga kuri ibi biriko biraba.