Ikibazo c'umutekano cahagurukiwe mu Burundi

Image caption Uva ibibamfu uja iburyo: Aimee Laurentine Kanyana, umushikiranganji ajejwe ubutungane; Pascal Barandagiye, umushikiranganji w'intwaro yo hagati; commissaire de police Allain Guillaume Bunyoni; Emmanuel Ntahomvukiye, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu Burundi avuga ko abajejwe umutekano bahawe indwi zitatu ngo babe batse ibirwanisho abatabifitiye uruhusha.

Mu kiganiro abashikiranganji bane ba leta y'u Burundi bahaye abamenyeshamakuru, umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Pascal Barandagiye, yasavye umunyagihugu wese yoba atunze ikirwanisho ata ruhusha, kugisubiza canke agakurikiranwa.

Yasavye kandi abajejwe umutekano kuba batse ibirwanisho abo bose batabifiye uruhusha mu mezi atatu bakanatanga icegeranyo.

Ibi bivuzwe mu gihe mu muji wa Bujumbura ijoro ryakeye ryabaye irigira kabiri humvikana amasasu y'urutavanako, mu gihe hari haciye indwi zibiri ata gikoma.

Izo nkoho zumvikanira cane cane mu ma karitiye yabereyemwo ibikorwa vyo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu, Pierre Nkurunziza.

Mu gihe mw'ijoro ryo kuwa kabiri rishira kuwa gatatu izo nkoho zumvikaniye mu bumanuko bw'igisagara, iz'ejo zumvikaniye cane cane mu buraruko mu ma karitiye ya Cibitoke, Ngagara na Mutakura.

Ibimaze kumenyekana

Icegera c'umuvigizi w'igipolisi, Pierre Nkurikiye, avuga ko ibimaze kumenyekana ku vyabaye bibaye ari ibi:

*Mu Cibitoke umuntu umwe mu bagizi ba nabi yishwe arashwe, uwundi umwe arafatwa agira atere grenade; hafashwe imyambaro ibiri yo kwikingira amasasu; ibikono bibiri vy'inkoho birimwo amasasu cumi n'ane.

*Musaga: Hatewe grenade zitatu, abapolisi babiri barakomereka

*Mu kanyosha hakomeretse abanyagihugu babiri.

Iri hungabana ry'umutekano risubiye kwigaragaza mu bice bimwe bimwe vy'igisagara ca Bujumbura, rije mu gihe hari haciye ikiringo kingana n'indwi zibiri hari agahengwe.

Bibaye kandi mu gihe igipolisi cari kimaze igihe kitari gito gikora ibikorwa vyo gusaka ibirwanisho.