Igitero ku basirikare ba Uganda "gihinduye ibintu"

Abasirikare ba Uganda mu kigorwa ca AMISOM muri Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uganda ivuga ko itapfishije abasirikare barenga 50 nk'uko bivugwa na Al Shabaab

Igisirikare ca Uganda kivuga ko igitero c'abarwanyi ba ki Islam ku birindiro vyaco muri Somalia kigiye guhindura ibintu.

Umuvugizi w'igisirikare yavuze ko abasirikare cumi na babiri ba Uganda bishwe, ngo si abarenga mirongo itanu nk'uko bivugwa na Al Shabaab.

Abanye Buraya baserukiye ibihugu vyabo hamwe n'abatuye mu muji wa Janale uri mu bumanuko bwa Somalia, aho ico gitero cabereye kuwa kabiri, bavuga ko abasirikare nk'i100 ba Uganda bapfuye canke baburiwe irengero.

Al Shabaab yavuze ko ibivugwa na Uganda ko igiye gukora ibikomeye, ari amajambo gusa.