Akavuyo kenshi mu bimukira muri Hungaria

Abimukira barundaniye ku gituro ca gari ya moshi i Budapest Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abimukira bari ku gituro ca gari ya moshi i Budapest, ngo bashaka kuja Austriche n'amaguru

Hadututse akavuyo ka cane muri Hungaria, kimwe mu bihugu abimukira bashikiramwo bagiye kwaka ubuhungiro i Buraya.

Amajana y'abantu batorotse ikigo c'impunzi kiri hafi y'urubibe n'igihugu ca Serbia ubu bakaba bariko barahigwa n'abapolisi.

Hagati aho uruhagarara hagati y'abapolisi n'ingenzi ziri muri gari ya moshi ku gituro ca Bicske rurabandanya.

Abari muri iyo gari ya moshi banse kuja mu kigo babanza gucamwo kugira bandikwe, bakavuga ko ibintu muri iyo gari ya moshi ubu bimeze nabi cane.

Isinzi ry'impunzi zari zirundaniye ku gituro kiri mu muji wa Budapest bavuga ko bagiye kugenda n'amaguru gushika muri Autriche.

Inama nshingamateka ya Hungaria iri mu biganiro bigamije gushirako ingingo zo gucungera urubibe bimwe bikomeye.