Autriche yiteze abimukira ibihumbi cumi

Uwufise ububasha kw’isanamu bb
Image caption Abimukira bariko baraja muri Autriche

Autriche ivuga ko yiteze ko abimukira ibihumbi cumi, bagizwe ahanini n'impunzi zahunze intambara yo muri Syria, bajabuka urubibe bakinjira bavuye Hungaria.

Mw'ijoro ryakeye, abajejwe gutabara b'abanye Autriche bakiriye ibihumbi vy'abantu nyuma y'aho bus zo muri Hungaria zibashikaniye ku rubibe.

Ubu gari ya moshi zihariye ziriko zirabajana i Vienna.

Leta ya Hungaria ivuga ko atayindi bus canke gari ya moshi biza kurungikwa, amajana y'abantu bakaba batanguye gutambuka berekeza ku rubibe rwa Autriche.

Abajejwe intwaro mu Budage bavuga ko biteze ko benshi muri izo munzi baza kuja mu miji y'Ubudage.