"Mu Burundi hari leta y'Ubumwe":P Nyabenda

Image caption umukuru w'inama nshingamateka y'Ubuurndi Pascal Nyabenda

Umukuru w'igihugu yari yavuze ko iyo leta y'ubumwe izoshingwa, mu gihe umugambwe wiwe uzoba umaze kwicara hamwe n'abo batavuga rumwe, bakihweza nimba ingingo ya129 yo mw'ibwirizwa nshingiro ikwiye guhindurwa.

Aho hari mu ntumbero yo guha uburenganzira imigambwe itakwije 5% mu matora aheruka, yo kuja muri leta kuko ibwirizwa nshingiro uko riri ubu ritavyemera.

Ariko umukuru w'inama nshingamteka Pascal Nyabenda, avuga ko leta ihari kino gihe ari leta y'ubumwe.

Pascal Nyabenda yabwiye BBC ko ico ari kimwe mu bintu bitatu vyabajanye we n'icegera ciwe Agathon Rwasa, gusigurira abategetsi bo mu bihugu vy'akarere.

Avuga ko mu rugendo rwabacanye muri Uganda, Kenya na Tanzania, basobanuriye abategetsi b'ivyo bihugu ko Uburundi bufise inzego zavuye mu matora zirimwo n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

Gushinga izo nzego ngo vyakozwe hisunzwe ibwirizwa nshingiro n'ibiganiro bitarinze umuhuza, ibiganiro yemeza ko bikomeza kugirango n'ibindi bibazo bisigaye bitorerwe umuti.

Ku kibazo c'uko ibiganiro vyatangujwe na perezida Museveni bizobandanya, Pascal Nyabenda avuga ko yabonanye n' umushikiranganji wo kwivuna abansi ari nawe yashinzwe na Museveni gukurikirana ivyo biganiro, bakavugana ko agiye gusubira vuba mu Burundi.

Aho, umushikiranganji Crispus Kiyonga ngo azoba agiye kuraba ko ibiganiro vy'Abarundi vyohabwa iyindi ntumbero, kuko nk' uko Pascal Nyabenda abivuga, ngo ibibazo vyaganirwako ubu vyabonye inyishu.

Umushingamateka Pascal Nyabenda akemeza ko n'aho ivyo biganiro vyoba, atari ivyo kugira abo batavuga rumwe nabo baje muri leta kuko baja bariyo kandi ngo imigambwe yose idashobora kubona ikibanza muri leta.

Gusa yahakanye yivuye inyuma ko leta y'Uburundi ishobora kuganira n'urunani CNARED, urunani avuga ko rutazwi, ko ico azi ari uko abaruvurwamwo ari abashatse gutembagaza ubutegetsi.