Urubanza rwa HisseneHabre rurongera gusasa

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Mu ntahe iheruka Hussein Habre yaranse kuburanishwa na sentare y'i Dakar

Umucamanza yategetse ko Hissene Habre azanwa muri sentare inyuma yo kwanka kujayo ubushake bwiwe.

Yagirizwa kuba yaratanze amabwiriza mu bwicanyi bwakorewe abantu baharurwa mu bihumbi mirongo ine, mu gihe c' ubutegetsi bwiwe mu myaka ya za 1980.

Urwo rubanza rwari rwungurujwe mu kwezi kw'indwi, Hissene Habre amaze kwanka kuburanishwa n'iyo sentare avuga akanabwira abamwunganira kutayitaba.

Abacamanza uno munsi barafata ingingo nimba akomeza kuburanbishwa, hamwe yokwanka uwundi murwi w'abashingwamanza yagenewe.