Kenya:Umuntu yafatanywe ibiturika

Image caption Igipolisi ca Kenya cakomeje umutekano

Igipolisi kivuga ko hari bitatu vyturikirijwe ahantu hateguwe ku buryo ataco vyonona.

Abari muri ico kibanza kigenderwa n'abantu benshi cane Garden City Mall kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw'umuji wa Nairobi bakuwemwo.

Haciye imyaka ibiri abantu barenga 67 baguye mu gitero cagabwe n'umurwi Al shabaab mu kibanza c'amaduka ca Westgate.