Papa yoroheje uburyo bwo gutandukana

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Papa Francois

Mu mwaka uheze, Papa Francois yashizeho umurwi w'abashingwamanza bize amategeko ya Ekleziya, wo kwihweza uko ibisabwa mu kwemerera abaraganye gutandukana vyonyaruka kandi ntibitware amafranga menshi.

Umunyamakuru wa BBC ari Roma avuga ko mu gihe Papa akomeza gushimangira ku nyigisho ya Ekleziya ivuga ko abaraganye ata kintu na kimwe gishobora kubatandukanya, yashize ku ruhande amategeko amaze imyaka n'iyindi yatuma bigorana cane kuronka ubutane.

Ubwo butane butabonetse, abantu bavanye bacitwa abakirisu bakiri muri Ekleziya canke umwe agasubira kurongora/ kurongorwa, bafatwa nk'abasambanyi kandi ntibemererwa gusangira (guhabwa isakaramentu ry'ukarisiya).

Kugira abari bubakanye bahabwe ubutane na Ekleziya, bategerezwa kubanza kwerekana ko umubano wabo utigeze ushingira ku vyemewe na Ekleziya nk'ibiranga umuryango rukristu.