Igitero ku kirindiro c'abasirikare mu Burundi

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Nta gitero cari giherutse ku basirikare b'u Burundi hafi ya Bujumbura

Abantu bataramenyekana baraye bagavye igitero ku kirindiro c'abasirikare mu micungararo y'igisara ca Bujumbura.

Igisirikare c'u Burundi kiremeza ko ico gitero cagabwe ku kirindiro kiri ahitwa Kiyenzi mu Kanyosha, ku birometero nka cumi uvuye mu gisagara ca Bujumbura.

Bivugwa ko abantu babiri aribo bahasize ubuzima, ngo akaba yari muri abo bagavye igitero, ariko haracatororokanywa ayandi makuru.

Ni igitero ca mbere kigabwe ku basirikare hafi ya Bujumbura, kuva haba intureka zaturutse ku gusubira kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza.

Mu gisirikare c’uburundi barahakana ariko ko atari umugwi w’abitwaje ibigwnaisho wavutse n’ubwo kandi bavuga ko bataramenya abateye abaribo n’ingene bangana.

Umuvugizi wa gisirikare Colonel Gaspard Baratuza anemeza ko uretse babiri mu bateye bahasize ubuzima n’inkoho ya kalashinikov imwe yafashwe .

Ku ruhande rw’ingabo za leta hakomeretse abarikare batatu muri iyo ntambara Colonel Baratuza avuga ko yamaze iminota 30.

Abateye ngo umwe yari yambaye umwambaro w’igipolisi uwundi nawe ibisanzwe.

Igisirikare nta n’umwe cafashe ari mu zima ariko ngo kiracarondera ko ataboba barakomeretse bari muri iyo micungararo , hagize uwo batora ngo bikaba vyofasha kumenya abaribo.

N’ubwo batarabamenya umuvugizi w’igisirikare avuga ko yibaza ko batari benshi kandi ko atari umugwi mushasha witwaje ibigwanisho wavutse.

Mu gihe ico gitero cari catumye hari abantu bahunga iyo zone ya Kiyenzi, Colonel Baratuza arabahumuriza avuga ko bashobora gusubira mu mihana yabo.

N’ubwo hari haheze iminsi hari ibigwanisho vyumvikana mu gisagara ca Bujumbura n’ubwa mbere hari ivyumvikanye mu ntara ya Bujumbura rural bifatanye na cane cane hagategwa ikirindiro ca gisirikare.

Haheruka kuvugwa igitero c’abantu binjiye muri commune Kabarore mu ntara ya Kayanza na Bukinanyana mu ntara ya Cibitoke mu kwezi kw’indwi, muri abo abarenga amajana abiri bakaba barafashwe.