Autriche yarenzwe n'abimukira yugara amayira

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Autriche ivuga ko iyo ngingo igumaho kumara n'imiburi buri umunsi wose kubera ibitigiri vy'izo mpunzi zinjira mu gihugu vyabarenze.

Ariko Hongrie nayo ivuga ko iaj kwikora ku buryo ifise mu gusubiriza izo gari ya Moshi kugurango itware izo mpunzi hafi y'urubibe na Autriche.

Hagat'aho ibigo vy'itangazamakauru muri Serbie bimenyeshako abimukira n' impunzi baharurwa mu bihumbi bitanu (5 000) bashitse ku rubibe Serbia gihana na Hongrie mu kiringo c'amasaha 24 aheze.

Televiziyo y'igihugu ivuga ko abagera ku 3000 bamaze kujabuka muri Hongrie, bakurikira inzira ibashikana mu Budagi no mu bindi bihugu vy'uburaruko bwa Bulaya.

Amayira ya Gari ya Moshi hagati ya Danemark n'Ubudagi yasubiye gukora bisanzwe.