Homo Naledi, umuntu atari azwi

Uwufise ububasha kw’isanamu John Hawks

Uwo muntu w'ubwoko bwataziriwe Homo Naledi, yatowe mw'isenga ry'ibuye riri mu kibanza kiranga akahise gikingiwe na UNESCO, i Maropeng mu muji wa Johannesburg muri Afrika y'Epfo.

Abashakashatsi bo muri Afrika y'epfo batoye ibisigarira vy'uwo muntu atari azwi kugez'ubu, babisanganye n'ibindi vy'ibiremwa 15 vyo mu bwoko bwa hominides.

Abashakashatsi mpuzamakungu bazuye amagufa aboneka ko ari nk'ayo abantu 15 bo mu ngero zitandukanye kuva ku bana bato kugeza ku bakuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Nta magufa y'ibindi bikoko bahatoye, abo bashakashatsi bakaba biketse ko hari ikibanza co gushinguramwo abantu b'ico gihe.

Ubwonko bwa Homo Naledi ni buto bugereranijwe n'ubwo umuntu w'iki gihe canke Homo Sapiens.

Bikekwa ko ubwo bwoko bw'umuntu yabaye muri Afrika haraheze imyaka miliyoni zitatu.