Igisirikare c'Uburundi gisabwa gutekana

Image caption Umuvugizi w'igisirikare, colonel Gaspard Baratuza

Iryo tangazo risohowe inyuma inyuma y'igitero cagabwe ku mukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare, general major Prime Niyongabo.

Iryo tangazo ryashikirijwe n'umuvugizi w'igisirikare colonel Gaspard Baratuza, rimenyesha ko muri ico gitero:

-abantu babiri mu bagavye igitero bishwe, uwundi arakomereka;

-ku ruhande rw'abasirikare, 3 bishwe abandi 6 barakomereka;

- hapfuye kandi n' umunyagihugu imwe;

- hafatwa inkoho imwe, lance-rocket imwe na AK47 zitatu.

Muri iryo tangazo ryashikirijwe abanyamakuru, umuvugizi w'igisirikare yavuze ko umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare, general Prime Niyingabo, yarokotse igitero cagabwe n'abantu bataramenyekana.

Mu majambo yiwe yasomye muri iryo tangazo yavuze ko ico gitero cari kigamije gusambura igisirikare n'igihugu:

Yakomeje avuga ko "ubushikiranganji bwo kwivun'abansi buteye ivyatsi ibitero vyose vyizizira abantu bamwe bamwe bimaze igihe bikurikirana".

Ubwo bushikiranganji bwahamagariye abasirikare gukomeza kuguma batekanye, bagafatana mu nda aho bari hose.

basabwe kandi kurinda aboza kubacanishamwo mu ntumbero yo gusambura igisirikare ndetse n' igihugu cose muri rusangi.