Umukuru w'igisirikare c'Uburundi yarusimvye

Image caption Ibarabara rya Bujumbura-Rumonge ryari ryugaye

Ico gitero cari gitumbere general Prime Niyongabo cabereye kw'ibarabara rya Bujumbura -Rumonge hafi y'ishure rya Lycee International.

Gato inyuma y'ico gitero iryo, imiduga yaciye ihagarikwa kurengana muri iryo barabara, aho haboneka abasirikare benshi.

Igisirikare kimenyesha ko abantu bane aribo bahasize ubuzima, barimwo umwe mu bagavye ico gitero, hamwe n'abasirkare batatu bari mu bacungera umutekano w'umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare.

Hari n'abandi babiri bakomeretse.

Mu bagavye ico gitero, bane bashoboye gufatwa, nk'abo mu gisirikare bavyiganiye umunyamakuru wa BBC.

Ababibonye bavuga ko bene kugaba ico gitero bari bambaye impuzu z'igisirikare, bari mu modokari isa n'iy'igisirikare.

Icatumye general Prime Niyongabo arokoka n'uko uwari amutwaye, yirutse cane, akabaca mu ryahumye akingiriwe n'imodokari ya bus yari itwaye abakozi bo mu gipolisi ku kazi.

S'ubwa mbere intwazangabo mu gisirikare zitumberezwako ibitero.

Image caption General Adolphe Nshimirimana yagandaguwe kuwa 02/08/2015

Mu ntango z'ukwezi guheze, jenerari Adolphe Nshimirimana yagandaguwe izuba riva mu gisagaraca ca Bujumbura.

Muri ibi bitero vyompi, bivurwa ko ababikoze bari mu myamabaro ya gisirikare kandi bakoresha imodokari zisa n'izo igisirikare.

Umukuru w'igihugu ubwiwe yahatswe gutembagazwa ku butegetsi n'umurwi w'abasirikare.

Jernerari Niyongabo na jenerari Nshimirimana biravurwa ko bagize uruhara rukomeye mu kuburizamwo iryo hirikwa ry' ubutegetsi.

Nta wovuga ko abashatse gutembagaza inzego boba ari bo bari inyuma y'ubu bwicanyi kuko bo ubwabo ataco baraseruka ngo bavuge, kandi ubutegetsi bukomeza guhakana ko ata kibazo kiri mu gisirikare.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Abantu batari munsi ya 100 bamaze kurwa mu bwicanyi bwaherekeje imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca perezida Pierre Nkurunziza.

Leta yagiriza abo batavuga rumwe, bakomeza kuvuga ko ikiringo ca gatatu yacihaye ku nguvu hadakurikijwe amategeko, ko aribo batera ubwo bwicanyi.

Ico cuka ca politike catumye abantu barenga 150 000 bahungira hanze y' igihugu muri uyu mwaka.