Hongrie ngo ishobora gupfunga abimukira

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Viktor Orban yabwiye abanyamakuru ko abimukira bagararije ubutegetsi bwa Hongrie, bafata ibituro vy'amayira ya gari ya moshi, banka no kwiyandikisha mur'iyi minsi iheze.

Abakorana n'amashirahamwe y'abagiraneza bavuze ibintu biteye ubwoba babonye mu kibanza cakirirwamwo abimukira muri Hongrie hafi y'urubibe na Serbia.

Umwe mu bakorerabushake wo muri Irland, Patrick Quiker yabwiye BBC ko hari bamwe yabonye bugaraniye n'amagufuri mu buyungiro.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abana ngo nibo babangamiwe gusumba abandi

Yavuze ko ibifungurwa canke kwakiranwa igishaka ari bike cane, aho abana usanga aribo bagowe gusumba.

Imbwa z'igipolisi nazo ngo ziguma zitembera muri iyo kambi zidafise umugozi

Kare igipolisi ca Hongrie cari cavuze ko catanguye itohoza.

Aho hari inyuma y'aho hagaragarariye video yerekana abapolisi muri iyo kambi baterera abimukira bariko basemerera basaba infungurwa, amapake y'ibifungurwa.

Muri Autriche, umunyamakuru wa BBC ahari avuga ko igikorwa co kwimura abimukira babegereza ku rubibe kibakomereye cane.

Avuga ko abantu batanguye kwijana n'amaguru baca kw'ibarabara rikuru berekeza Vienne, bikaba vyatumye igipolisi kiribaheberea, kikuragarana imodokari.