Abarenga 65 bapfuye ku musigiti wa Macca

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umusigiti wa Macca uriko urasanurwa

Abandi baharurwa mu 150 bakomeretse nk'uko bimenyeshwa n'urwego ruijewe umutekano w'aba civil.

Amasanamu yahanahanywe ku mbuga za internet yerekana abantu buzuyeko amaraso bapfuye canke bakomeretse, bari mu masengesho, n'igice c'ico cuma camenye igisenge c'umusigiti.

Imvura y'isengenya n'ibihuhusi vyuzuyemwo umusenyi vyahungabanaije umuji wa Macca.

Iryo sanganya ribaye gato imbere y'igihe c'urugendo rutagatifu Haj, rwo gushengerera ico kibanza, ruzoba mu mpera z'ukwezi.

Urwo rugendo rwitabirwa n'abantu baharurwa muri za miliyoni bo hirya no hino kw'isi.

Ibimashini nk'ico cihaye inkumbi ( grue/ crane) bizengurutse uyo musigiti usanzwe uriko uragurwa.