Amerika iribuka ibitero vy'uwa 11/09/2001

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Amerika iribuka 09/11

Uwo mwanya wahuriranye n'igihe idege ya mbere yatobekeranya igorofa yo mu buraruko ya World Trade Center i New York.

Muri ico kibanza nyene habaye n'urubanza rwo kwibuka ku ncuro ya 14, ibitero vyahitanye abantu barenga 3000 aho New York na ku biro vya gisirikare Pentagon, i Washington.

Iyindi ndege igira kane yari yafashwe nayo yaguye mu gisanze muri leta ya Pennsylvania.