Igisirikare c'Ubudagi mu gikorwa co kwakira impunzi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abimukira bageze Celle mu Budagi muri iyi ndwi

Abimukira bagera ku bihumbi mirongo ine bitezwe mu Budagi muri ino minsi ibiri irangiza indwi.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Ursula Von der Leyen, yavuze ko igisirikare citeguye gutanga uburyo bibaye ngombwa.

Abenshi muri abo bimukira bategurirwa gucumbikirwa mu makambi y'igisirikare.

Uyu munsi abashigikiye impunzi bitezwe mu ngendo z'imyiyerekano zitunganjwe mu bisagara vyinshi vy'ibihugu vya Bulaya.

Hari n'izindi ngendo ziza gutunganywa n'abiyamiriza uwo muzo w'abimukira mu bitigiri vyinshi.